top of page
Rechercher

IJAMBO UMUKURU W’UMUHARI MAP-BURUNDI BUHIREYASHIKIRIJE ABARUNDI – ITARIKI YA 25 MYANDAGARO 2019


Emery Igiraneza, umukuru w'umuhari MAP-Burundi Buhire



Barundi, Barundikazi,

namwe Bakunzi b’u Burundi,


Kw’izina ry’umuhari MAP-BURUNDI BUHIRE, ndabaramukije.

Nagira nongere kubwira Abarundi bose n’incuti z’Uburundi aho umuhari MAP-BURUNDI BUHIRE uhagaze ku makuba Abarundi barimwo n’ico twibaza ku matora yimirije gutunganywa mu mwaka w’i 2020.


Nk’uko mwabikwirikiranye, mu kwezi guheze, umuhari MAP-BURUNDI BUHIRE warashikirije Abarundi n’amakungu impungenge n’amakenga dufise ku biriko birabera mu burundi, mbere turashikiriza n’ivyiyumviro nyamukuru vyofasha Uburundi kwogorora, bugasubira mu nzira y’amahoro, umutekano n’amajambere.


1) S’agaseseshwa rumuri, Uburundi bugeze aho umwansi ashaka. Ubwicanyi bwarabaye ndanse, ugutoteza abanyagihugu, abo bose batavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi baricwa ata wamira, nta butungane bukiriho, abana basigaye bigishwa ko kwica atari icaha, akaranga k’Abarundi karagiye. Ivyo vyose amashirahamwe mpuzamakungu, eka n’amashirahamwe adaharinira imyanya ya poritike yarasemereye mu ma rapporo, ariko leta y’i Bujumbura ikavuga ko babesha.


2) Mwebwe Abarundi murazi ukuri. Murazi ko ayo ma raporo avuga ukuri. Murazi ingene buri munsi Abarundi bicwa, ingene Abarundi bahohoterwa, ingene Abarundi bashonje, ingene abana bensh bishwe n’inzara n’ingwara, ingene ibitaro n’amavuriro atakigira imiti, eka n’abaganga batari bake bakaba barahunze, ingene amashure asigaye yigishirizwamwo amacakubiri. Murabona n’ingene ubutunzi bwasubiye inyuma, eka n’ingene amakungu yahariye ivomo Uburundi, n’abahora babufasha bagahagarika, ivyo bigatuma mbere imigambi myinshi y’iterambere ihagarara, yaba uy’ugishigikira uburimyi, indero, amagara y’abantu, n’ibindi vyinshi.

Barundi, Barundikazi, namwe Bakunzi b’Uburundi,


3) Muri MAP-BURUNDI BUHIRE twarumvirije ijambo umukuru w’igihugu yashikirije Abarundi ejo bundi, ry’ukwibuka imyaka ine amaze kur’iki kiringo ca gatatu yihagiye.

Twaraguye mu gahundwe kwumva Nkurunziza avuga ko ivyo yari yiyemeje kurangura, n’ukuvuga amahoro, umutekano n’iterambere yabishitseko. Twibaza ko uko ari ugushinyagurira Abarundi. Iyaba uwundi yari gusaba imbabazi Abarundi ku magorwa barimwo, atumwe n’intwaro mbi. Mbega iyaba Uburundi burangwa n’amahoro, umutekano n’iterambere, Abarundi baba bicwa ku munsi ku munsi bagatorwa ibiziga ku mabarabara, mu nzuzi n’ahandi? Iyaba Uburundi burangwa n’umutekano, haba hari itotezwa n’ihohotegwa kur’uwo wese atavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi, mbere bakamuha amazina yandi nka “ibipinga” canke “mujeri”, n’ayandi mazina? None niyaba Uburundi burangwa n’amahoro, umutekano n’amajambere, isinzi ry’Abarundi bagorewe mu bihugu duhana imbibe, abanyaporitike, abaganga, abigisha, abagwizatunga bose bahunze igihugu, boba bahunze ayo mahoro, uwo mutekano n’ayo majambere vy’umurengera? Mbega ko Abarundi benshi bishwe n’ubukene, inzara n’ingwara, boba bigirisha?


4) Nk’uko twama tubishikiriza, MAP-BURUNDI BUHIRE, n’umuhari wa poritike w’Abarundi bipfuriza amahoro, umutekano n’iterambere buri wese, umuhari wifuza kwubaka Uburundi twifuza. MAP-BURUNDI BUHIRE, ni jewe, ni wewe, ni twebwe twese turajwe ishinga n’imanga Uburundi buriko bugwamwo. nico gituma tutazokwigera duhengeshanya gusemerera, twambaza Abarundi n’amakungu kugira igihugu cacu gisubire kuba ic’amata n’ubuki. Igihugu gifise akaranga, iguhugu c’abashingantahe. Igihugu c’abanyagihugu, abicanyi n’abambuzi nabo bagaharirwa ivomo. Igihugu dukunda twese kandi dutaka mu makungu.


5) Kuva kera na rindi, Abarundi bari bazi gutorera umuti ingorane zabo, abashingantahe barahagarara hagati y’abashamiranye, ariko nta bara ryagwa. Nk’uko babivuga ngo “ ahari abagabo ntiharwa ibara”. Ni naco gituma mu mwaka w’i 2000 mu gihe Uburundi bwari bwaciye mu makuba, Abarundi baragiye hamwe barumvikana ingene bogarukana amahoro n’umutekano mu gihugu cabo c’Uburundi. barasezerana inzira irashe, mbere barashira umukono kur’ayo masezerano.

Ariko ivyabaye mu nyuma mwaravyiboneye. Umugambwe uri ku butegetsi warasambuye ayo masezerano wishiriraho ibwirizwa nshingiro ridahuye n’ayo masezerano. Nk’uko mubizi, itariki 28 Nyandagaro tuzokwibuka imyaka 19 iheze Abarundi bashize umukono kur’ayo masezerano. Tuzobona akanya ko kugira ico tubivuzeko ku munsi wa gatatu.

Barundi, Barundikazi, Namwe bakunzi b’Uburundi,


6) Kubera ibihe bigoye igihugu c’Uburundi kirimwo, MAP-BURUNDI BUHIRE, mu rwandiko yandikiye akanama kajejwe umutekano kw’isi, abafasha Uburundi, abanyaporitike b’Uburundi n’amashirahamwe atarwanira imyaya ya poritike yose, dusaba ko amatora yo mu 2020 yohagarara. Ivyo s’ukuvuga ko tudashigikiye amatora, haba namba. MAP-BURUNDI BUHIRE n’umuhari wa poritike ushigikiye kuvyiyumviro w intwaro rusangi, ushigikiye amatora. ariko mu gihe ata mahoro, ata mutekano uriho, mu gihe mUburundi hari ubutegetsi butihanganira abatavugarumwe nabwo, bugahitamwo kwicana, mu gihe isinzi ry’Abarundi bagorewe mu nkambi z’impunzi nk’uko umengo ntibagira igihugu, mu gihe impuguke z’Abarundi, abigisha, abaganga, abagwizatunga, bahisemwo gukinjura bakaja gukorera mu bindi bihugu, nta matora asesuye ashoboka. Mu gihe Abarundi benshi, incuti n’abadufasha basemerera bati nyabuna ni mubanze muje mu biganiro kugira amatora muzogira aba amatora asesuye kandi adakumira. kuber’ivyo MAP-BURUNDI BUHIRE yarasavye ko Abarundi botenyenya ayo matora bakayigizayo kugira babanze baganire bumvikane Uburundi bashaka kwubaka, n’ukugene bazotegura ayo matora meza.


7) Tunaboneyeho n akaryo ko gutera akamo impunzi z’Abarundi aho zirihose, muma kambi y’impunzi, no mubisagara bitandukanye kwisi, ko ubwicanyi, ugupfungwa uzira ubusa, ukunyuruzwa ukaburwa irengero, ugufata abakenyezi n abigeme kunguvu, ugukubagurwa n imbonerakure, ukuborezwa igufa mudusho tutazwi n’amategeko, ukunyarwa utwanyu hamwe n’ayandi mabi yose mwakorewe, ivyo nivyo bikiranga intwaro ya CNDD-FDD gushika ubu. murabona ko intumwa z’umukuru w’igihugu c’Uburundi atanakimwe yahinduye kuvyaranga intwaro yiwe imbere yuko yinyagira ikiringo cagatatu kunguvu. Uwahunze ayo mabi yotenyenya ntiiyite mucobo abona mugusubira aho yaboneye amabi yatumwe ahunga, ubona ko reta ya nkurunziza abahungutse ivuga ko bishikanye chini ya ulinzi. guhunguka canke guhunga ni kugatwe ka buri muntu, ntawe tubibujije, ariko inshingano yacu nukubabwira uko ibintu vyifashe mUburundi.


8) Kubera ivyo rero turasavye Abarundi bose, urwaruka, abakenyezi, tutibagiye abashingantahe, aho bari hose, bashigikire map-burundi buhire, duhaguruke turwanire igihugu n agateka kacu, kuko dufatiye kubimenyetso dufise tudahagurukiye rimwe ngo twiyamirize aka karenganyo, uku gukumira gushingiye kumutekano w umurwi umwe gusa w’Abarundi, akarinyuma karahinda!!. igihugu c’Uburundi, nicacu twese, ntitugite mu manga mukwemera kuguma mukaga CNDD-FDD yadushizemwo. ivyo navyo nta bandi bazoza kubidukorera atari twebwe. Bitagenze uko tuzohava twibuka kuyora twasheshe.

Tugire Amahoro, Ubutungane n’Iterambere kuri twese.



Emery Pacifique IGIRANEZA


Umukuru w’Umuhari MAP - Burundi Buhire

 
 
 

Comments


©2019 by Creation Focus

bottom of page