top of page

Ijambo ry'umukuru wa MAP - Burundi Buhire ku munsi Mpuzamakungu Wahariwe Amahoro

Mu ncamake,umukuru wa MAP-Burundi Buhire avuga ati:

 

  • Amahoro ni itunga riruta ayandi

  • Abirirwa baravuga ko amaho i Burundi ari yose, bagenda n'ingabo zibacungera zitwaje ibigwanisho bikomeye

  • Abavuga ko i Burundi ata nzara ibaho, barya bagahaga mbere bakanabisesa

Gusubiramwo kubaka igihugu

Kuva uburundi bwikukira, ababurongoye biribonekeza ko batashoboye kuba abarongozi beza. Ubwicanyi bwagiye buraba, ubukene, inzara n'ingwara vyimonogoje biva ahanini kubube gito bw'abitwa ko aribo bari incambwenge zari kubaka Uburundi.  Aho tugeze ubu, biraboneka neza ko kubandanya munzira tumazemwo imyaka mirongo itanu irenga twikukiye ataho bizodushikana. Dutegerezwa gushinga umushinge mushasha, twubake iguhugu gishingiye kukurondera ineza y'abarundi bose. Umuhari MAP - Burundi Buhire wiyemeje kurondera uburyo bwo gushinga uwo umushinge mushasha kugira abarundi twubake igihugu kirimwo indongozi nyakuri ziharanira  amahoro, ubutungane, iterambera n'ineza y'abarundi bose. 

AMAHORO – UBUTUNGANE - ITERAMBERE
Umuhari MAP Burundi Buhire

Amasezerano ya Arusha arafise kazoza?

Ivya kazoza k'amasezerano ya Arusha ni ikibazo abarundi bategerezwa kwicarira bakaganira. Na cane cane mugihe hari ibwirizwa nshingiro rishasha ryemejwe mugihe abarundi benshi barimwo indongozi zitari nke bari bahunze, Si agaseseshwa rumuri ko iryo bwirizwa nshingiro rifise ibice vyinshi bitajanye nivyo abarundi bari barumvikanye mugihe baganira i Arusha. 

Mufise ibibazo ku muhari MAP - Burundi Buhire

Twandikire

Kubana neza mubudasa bwacu

Abarundi kahise kacu katwereka neza ko tutize kubana nk'abavukana, indyane twagiye turacamwo kandi nubu zikibandanya zizoguma zihekura abavyeyi zigasiga impfuvyi nyinshi. Dutegerezwa kumva ko ataho tuzoshirana. Ibidutandukanya dutegerezwa kwiga kubiganirako maze tukabitorera umuti hamwe. Amasezerano ya Arusha naho atari abuze agatotsi, yarerekanye neza ko ingorane uko zingana kose zishobora gutorerwa umuti. 

Imigambi ya polikike ya MAP-Burundi Buhire

Terera ivyiyumviro twubake uburundi

Umuhari MAP - Burundi Buhire mu matangazo wasohoye warateye akamo abarundi baba mu Burundi eka n'abarundi baba mumahanga ndetse n'incuti z'uburundi ko mwoduterera ivyiyumviro. Mu muhari MAP- Burundi Buhire, turemera ko imitwe ikora ikoranye kandi ko igihugu cacu kizokizwa n'abarundi. Nico gituma twasavye ivyiyumviro kugirango muguhinyanyura imigambi ya politike y'umuhari wacu, dushiremwo ivyiyumviro vy'abarundi bose. Turashimiye abamaze kuduterera ivyiyumviro tukanasaba abavyifuza kubandaya barungika ivyumviro vyabo.

​

Rungika ubutumwa bwanyu kuri 

info@map-burundi.org       |     Kuri facebook    | Kuri  twitter

Amasezerano ya Arusha no gukingira inkehwa 

brotherhood.jpg

Janvier 10, 2025

Le Burundi, en forme longue la République du Burundi, en kirundi Republika y'Uburundi, est un pays d'Afrique de l'Est sans accès à la mer, mais possédant un grand rivage sur le lac Tanganyika, situé dans la région des Grands Lacs et entouré par....

Soma vyose

Ubutunzi n'imigambi y'itarambere 

Mandela - Buyoya - Minani.jpg

Janvier 10, 2025

Le Burundi, en forme longue la République du Burundi, en kirundi Republika y'Uburundi, est un pays d'Afrique de l'Est sans accès à la mer, mais possédant un grand rivage sur le lac Tanganyika, situé dans la région des Grands Lacs et entouré par....

Soma vyose

Ubumenyi no guteza imbere abarundi bose

CNDD-FRODEBU mandela.jpg

Janvier 10, 2025

Le Burundi, en forme longue la République du Burundi, en kirundi Republika y'Uburundi, est un pays d'Afrique de l'Est sans accès à la mer, mais possédant un grand rivage sur le lac Tanganyika, situé dans la région des Grands Lacs et entouré par....

Soma vyose

“Dutegerezwa kwiga kubana nk'abavukanyi atari uko naho tuzohonera hamwe twese nk'ibijuju”

Martin Luther King

Twandikire

bottom of page