top of page
MAP -Burundi Buhire Drapeau.png

Ibendera ry'umuhari MAP-Burundi Buhire

Ibendera ry'Umuhari W'ibikorwa Nkundagihugu MAP-BURUNDI BUHIRE igizwe n'abara ry'ubururu, iryera ryanditsweko MAP, niry'urwatsi rutoto (uhereye hasi uduga)

  • Facebook
  • Twitter
  • Instagram
  • Facebook
  • Twitter
  • LinkedIn
  • Instagram
MAP Transparent 2.png

Icivugo c'umuhari MAP-Burundi Buhire

AMAHORO - Amahoro ku barundi bose mubabo no muvyabo.

UBUTUNGANE - Ubutungane ku murundi wese mutwiwe no biwe

ITERAMBERE - Iterambere rirama kandi ry'abarundi bose, aho itunga ry'igihugu risabikanywa neza atawanya wangura 

Ingene Umuhari w'Ibikorwa Nkundagihugu MAP-BURUNDI BUHIRE wavutse

Inyuma y'igihe kirekire baganira kubuzima bw'igihugu cabo, bamaze kwihweza ingene igihugu cabo catwawe nabi kuva beneburundi baronse intahe to kwikukira, bamaze kwihweza amakuba abarundi bigiye baracamwo gushika ubu; abarundi bava mu mihingo yose, mu bice bw'ubuzima bwose, mu bwoko bwose, mu madini yose, ababa mu Burundi no hanze y'igihugu baragiye hamwe bafata ingingo yo gushinga umuhari wa politike. 

​

Uwo muhari bawise umuhari w'ibikorwa nkundagihugu. Intumbero nyamukuru y'uwo muhari, ni gukosora amakosa yose yaranze kahise k'Uburundi, maze hakubakwa Uburundi bushasha. Uburundi  bushingiye ku nkigi nyamukuru zikurikira: 

1. Iyubahirizwa rya kiremwa muntu

2. Amahor n'iterambere kuri bose

3. Ubutungane bwigenga, bukora neze kandi butunganiriza bose

4. Kunagura ubutunzi n'interambere  

​

Twandikire

Ufise ikibazo canke ico uterera, utwandikire kuri kano gasandugu ngurukanabumenyi: 

bottom of page