top of page
MAP Transparent 2.png

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’Uburundi,

​

Twebwe abahurikiye muri komite ntanguzabikorwa twafashe ingingo yo gushinga umuhari wishinze Ibikorwa Mpabuzagihugu. Uwo muhari twawishe MAP)- Burundi Buhire. Uyu muhari wa politike nawo ukaba watangujwe n’abarundi n’abarundikazi b’umutima.

 

Abigisha, abashingwamanza, incabwenge zo ku rwego rwo hejuru, abagwizatunga, abakozi, abanyeshure, impunzi, abahurikiye mu mashirahamwe adakiranira ubutegetsi, inyambukira z’abarundi, abarundi batahunze igihugu, abanyabukorikori, n’abandi barundi barajwe ishinga n’amagume ajanye n’umutekano muke, ubukene bukabije, igihugu catwibarutse aribwo Burundi kirimwo, twiyemeje kugira uruhara rugaragara mu gikorwa co gusubira kwubaka igihugu c’Uburundi kugira abarundi bashegeshwe basubire bagire ukwizigira kwazamye mu bihe vy’amagume yazingamitse igihugu imyaka n’iyindi.

​

Kahise ka vuba k’uburundi karanzwe n’amagume yagiye acanacako yisubiriza. Ifutana ry’ubutunzi n’ubukene buhanze abanyagihugu benshi vyatumye Uburundi bwama ari ubwanyuma kw’isi yose mu bijanya n’ubutunzi kandi abarundi batari babuze uburyo bwo kwiteza imbere. Ibice 65 kw’ijana vy’urwaruka narwo rusanzwe rugera kubice 60 kw’ijana vy’abarundi bose ntibigira akazi. Ibisata bijanye n’ubutunzi hamwe n’imibano arivyo : uburezi, amagara y’abantu, uburimyi, ubworozi, amahinguriro, ibidukikije, akazi, n’ibindi vyarasambutse, ubutunzi bukaba bugeze aho rwotera izuba.

​

Abarundi bariko barata icizere mu banyepolitike babagize ibikoresho bakabasuka  mu nyenga y’ubutindi nyabuja, ivyo bikaba vyatumye batakaza ivyizigiro vya kazoza keza. Uburundi buri ku manga y’urupfu kandi nta kimenyetso nakimwe cerekana ko ejo ari heza.

​

Ihangiro rya MAP-Burundi Buhire ni ukugarukana ivyizigiro vy’amahoro n’iterambere kuri bose mu barundi. Kugira uyo mugambi w’iteka wo gusubira kwubaka igihugu cacu ushike ku ndunduro, abarundi n’abarundikazi atawusigaye inyuma, bakoresheje ubwira bwuzuye, akarangamutima k’umuco w’ubushinganyahe n’ubuntu vyamye bihuza abarundi kuva nakera narindi, basabwe kwitangira ico gikorwa gihambaye ku neza y’uruvyaro rwacu n’abazokurikira.

​

Kubw’ivyo, turateye akamo nk’abakunda igihugu tubararikira kwinjira muri uyo muhari w’abanyagihugu wishinze gusubira kwubaka igihugu c’Uburundi. Intumbero nyamukuru ya MAP-Burundi buhire ni ugutunganya ukundi gushasha poritike y’igihugu izoba ishimikiye ku mutima w’ukwitanga kuri buri munyagihugu atakw’isunga imigambwe, ubwoko, amadini, amashure, ijunja, igitsina, canke umwuga.

​

Uburundi butunganiwe kandi buteye imbere, burangwa n’ubumwe, bw’iteka ni jewe, ni wewe, ni abana b’Uburundi twibumbiye hamwe kandi dufatanye mu nda tuzobwubaka.

Twese hamwe TWUBAKE UBURUNDI BUHIRE

​

Ifatanye natwe mu gikorwa co guhabuza na kwubaka gushasha Igihugu c’Uburundi mukuturungikira ivyiyumviro vyanyu ku gasangambuga kamwe konyene ku muhari MAP Burundi Buhire: info@map-burundi.org

​

​

Kw’izina rya komite ntanguzabikorwa

​

Bigizwe na

 

Emery Pacifique Igiraneza

​

bottom of page